Blog, News

 Espérence Ndayizeye arongoye CNC avuga ko ingingo zizogenga abamenyeshamakuru bo mu Burundi mu gihe c’amatora zumvikanyweko n’impande zose.

Espérence Ndayizeye awurongoye abandanya ashimangira ko vyumvikanyweko n’impande zose.

Agira ati: “Ivyo ni uguhakana ukuri kandi ntibiri mu karangamutima ko kumenyesha amakuru”.

Ndayizeye abandanya avuga ko uru rwandiko rw’ingingo zigenga abamenyeshamakuru mu gihe c’amatora rutaje gusubirira itegeko rigenga abamenyeshamakuru canke ayandi mategeko asanzwe akora muri iki gisata.

Ayo mategeko ngo azoguma akurikizwa nk’uko bigenda mu gihe gisanzwe.

Ingingo ya 239 y’itegeko rigenga amatora ivuga ko umuntu wese azotangaza ibiharuro vyerekeye amatora atarahabwa uruhusha n’inzego zibijejwe, ashobora guhanishwa umunyoro w’imyaka iva kuri itanu gushika kuri 10, hamwe n’amande ava ku bihumbi 800 gushika ku miriyoni zine.

Amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine azoba kw’igenekerezo rya 5 ruheshi umwaka wa 2025.

Ay’abakenguzamateka ategekanijwe ku wa 23 mukakaro, mu gihe ay’abakuru b’imitumba n’ay’abarongoye amakaritiye azoba kw’igenekerezo rya 25 myandagaro.