Libertas Ezako yari afise imyaka ibiri, Nakuze mfitiye ishavu abishe data Ndadaye, ariko ubu ndabumvira ikigongwe’ – Libertas Ezako
Mu matora yo ku wa 01 Ruheshi (6) 1993, Frodebu yatahukanye intsinzi ku majwi arenga 65%.
Laurence Ndadaye yibuka ko bariko baratangaza amajwi, imitima yari mu kirere.
Ati: “Abasomye ivyavuye mu matora, bahereye ku barushijwe bahereza ku watsinze.
“Imitima yari mu kirere.
“Bavuze ko Frodebu yatsinze, humvikanye akaruru k’abantu banezerewe hirya no hino.
“Ku musi wo gushikiriza ubutegetsi, nanejerejwe no kubona abantu ku mabarabara buzuye akamwemwe.”
Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Aho ngo yari amaze guhakwa kugandagurwa mbere bamwe mu bagirizwa ico caha bari mu mvuto. Igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye
Itariki 20 z’ukwezi kwa cumi mu 1993 hari ku musi wa gatatu.
Prezida Melchior Ndadaye yari yiriwe mu nama nshikiranganji hanyuma ngo aratahuka nk’uko vyahora, ashika nk’isaha zibiri z’ijoro.
“Hariho ikintu kitagenda neza”, uko ni ko yashitse abwira umugore wiwe.
Ariko ngo Ndadaye ntiyaduduriyeko neza.
Ariko, Laurence Ndadaye ngo yari yumvise urukurukuru ruvuga ko hashobora kuba ‘coup d’Etat’.
Abandanya avuga ko prezida yahamagaye umuntu (atavuze izina) amubaza “mbe ba bantu bapfunzwe, ahantu bari haracungerewe bikwiye?”
Uwundi yaramwishuye ati: “Ego”.
Laurence avuga ko abo bantu yabaza bari abari bahatswe kumutembagaza ku butegetsi ataranabushikirizwa.
Abandanya avuga ko hagati y’isaha zitandatu n’isaha imwe y’ijoro ari ho hatangura ibitero vya muzinga ku kirimba.
Agira ati: “Vya muzinga vyarungikanije ku mpome no ku nzu hejuru gushika mu gitondo.
“Ndadaye we yari yaciye asohoka hanze.
“Mu gitondo ni ho abasirikare badukura mu nzu twambaye impuzu zo kurarana duca dusanga umucance wanje muri blindé aho bamushize”.
Laurence Ndadaye avuga ko baciye babazungurukana gushika no mw’ikambi ya Muha.
Aho ngo bararonse akanya ko kuvugana gato, aramubwira abantu yashoboye guhamagara bavuganye, n’abo yabuze, bivugwa ko boba bari bamaze gufatwa, nka Pontien Karibwami yari umukuru w’inama nshingamateka (mu mategeko ni we yari guca amusubirira mu mabanga y’umukuru w’igihugu) na Richard Ndikumwami yatwara iperereza.
Ndadaye ngo yamwishuye “ndi sûr [ndazi ata nkeka] ko bamaze kubica”.
Laurence avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga bati “Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!”.
Ngo bari bashushe rwose.
Abandanya avuga ko umusoda yitwa Gakoryo yaciye aza muri blindé amubwira ko abasoda bagumutse. Amubaza n’ico bokora.
Ndadaye na we amusaba ko amukura muri blindé, abasoda bamubone, abahumurize ari ico basaba canke bashaka kumubwira bakivugane.
Ndadaye avuye muri blindé yababwiye ati: “Muvuge ico mushaka, tuganire tucumvikaneko, mugabo ndabasavye mwibuke imiryango yanyu, abavyeyi banyu n’igihugu ntimukore amaraso”.
Laurence Ndadaye avuga ko abasirikare baciye bakoma induru “genda wewe nta co utubwira na kimwe, genda… n’induru nyinshi”.
Prezida Ndadaye ngo yaciye yururuka aragenda.
Mu nyuma Col Bikomagu yatwara ibiro bikuru vya gisirikare ngo yaciye aha itegeko umusirikare gukura Laurence Ndadaye n’abana biwe mw’ikambi ya Muha ariko atamubwiye iyo abajana.
Laurence Ndadaye aca yicagurira guhungira mu nzu y’Ubuserukizi bw’Ubufaransa.
Avuga ko yagiye kumenya ko Ndadaye yishwe ateba, kuko aho yari ari ata makuru yakurikirana.
Uwaje kumubikira akaba ari umuhisi musenyeri Bernard Bududira.
Muri ubwo buserukizi yahavuye ubutegetsi bwari buhari ico gihe bumusavye kuba arakinjura akaja kuruhukira mu Bufaransa canke mu Bubiligi.
Yahisemwo Ububiligi aho gushika n’ubu abana biwe baba. Laurence Ndadaye n’umukobwa wiwe Libertas Ezako i Bujumbura mu Burundi
Urubanza rw’abishe Ndadaye
“Urubanza rwatevye rukamara imyaka 30 rudaciwe jewe nibaza ko rutaba ruriko ruracibwa”, uko ni ko Laurence Ndadaye avuga.
Avuga ko umuryango witwaye, umugambwe yakomokamwo uritwara n’igihugu kiritwara.
Ubu rero ngo ntazi ururiko ruracibwa urwo ari rwo, ngo ariko barindiriye ikizovamwo.
Laurence Ndadaye agira ati: “Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?
“Ukibaza uti ‘none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?’
“Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii”.
Na yo kuri Libertas Ezako, umwana w’umuhererezi wa prezida Ndadaye avuga ko “igihe cose hataraboneka ubutungane kuri Ndadaye n’abandi bishwe muri kirya gihe, bizogorana kuvyakira kugira tuje mu bikorwa vyo kwiteza imbere