Blog, News

Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani baba mu Bubirigi barashogoye guhuwa n’intambo ndangakaranga z’ibihugu vyabo

Christian Chiza ni Umunyekongo yamuka muri Kivu y’Epfo, avuga ko ivyo Ubuntu International yashitseko mu guhuza abamuka mu karere k’ibiyaga binini hakoreshejwe imvyino n’intambo arı imbonekarimwe.

Ati: “Si ikintu coroshe guhuza Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi mu gikorwa icari co cose. Ariko ushitse aho bose batambira hamwe indirimbo n’imvyino zabo si ikintu gisanzwe.

“Twebwe ubwacu twaragize urunani rwo kurwanira amahoro, kandi turabishikako vuba ata mbunda dukoresheje

Christian Chiza avuga ko urunani rwabo vuba rushika ku mahoro “ata mbunda dukoresheje”
Ildephonse Ngarigari, umukurambere w’Umurundi na we nyene aba mu Bubiligi, ashimangira ko iyi nzira iri mu za mbere zishobora gushikana ku mahoro arama mu karere k’ibiyaga binini.

Ati: “Ni ukuri imvyino n’intambo vyaratumye abatase badafatana mu mazosi, kuko bijana n’ibiyago. Harya nta gihugu na kimwe kidafise amoko y’abantu, ariko ikintu nyamukuru ni uko ayo moko yose ashira hamwe mu bihugu vyacu, agafatana mu nda, akabana mu mahoro”.

“Ubu rero, umugambi ni ukubahuza biciye mu mvyino n’umuziki nkuko twabitanguye, kandi turizeye ko bizozana amahoro arama”.

Ildephonse Ngarigari abona ko umugambi batanguje wo guhuza abamuka mu karere k’ibiyaga binini uzoshika ku mahoro arama
Eka n’abakiri bato bitabira ivyo biteramo bavuga ko bibashimisha kuko ariyo nzira babona yonyene yotsimbataza amahoro.

Aurore Icitegetse, umwigeme w’imyaka 21 arishimira iki gikorwa, akabona ko kirenze ukwemera.

Ati: “Aha iyo turiko turatamba ntawumenya iyo uwundi ava, twese tuba turi umwe, n’ibidutanya biravaho. Biraryoshe ubonye n’abavyeyi bakuze ejo haheze batahana yambu ariko ubu bakaba basigaye bicarana bagasangira, ni ikimenyetso ko ejo ari heza mu karere k’ibiyaga binini”.
Urwaruka rwitabira ibi biteramo ruvuga ko vyatumye abahora barabana ribi ubu banama rimwe
Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu Fondation Roi Baudouin ryo mu Bubiligi ryerekana ko abarenga ibihumbi 100 bamuka mu bihugu vya RD Congo, Urwanda n’Uburundi baba mu Bubiligi.

Ubuntu International uno munsi rifise abanywanyi barenga 250 bava muri ivyo bihugu, n’abandi amajana basavye kwinjira bataremererwa.

Abarirongoye bavuga ko bagiye kubandandaniriza ibikorwa vyabo mu karere k’ibiyaga binini kugira banywanishe abadacana uwaka.

Bazobicisha mu muziki, intambo, imvyino n’ibiganiro mu ntumbero yo gutuza imvugo zibiba urwanko n’intambara z’urutavanako.