Marie Solange Mujawayezu avuga ko agendera ku ntego yuko byose bishoboka iyo ufite ubushake,
Hari abanca intege ngo sinzoronka umugabo’ – Umukobwa w’i Ngozi yahejeje kaminuza ashona ibirato, Ikirato ca mbere nakoze, nasubiyemwo ico nabonye mw’isoko, mama aragishima, aca akingurira 15.000 BIF, nca ndayagira umutahe” – uwo ni Keilla Manirumva, umwigeme aherutse kurangiza kaminuza ubu abeshejweho no gushona ibirato.
Yatanguye gukora uno mwuga aciga kuri kaminuza, ubu hakaba haciye ukwezi kumwe ayirangije, nk’uko abivuga, kandi ntarota aheba.
Ati: “Nakora aka kazi nkiri umunyeshure, ariko bivanye nico kamaze kumarira, sinipfuza ko kazogirira akamaro jewe gusa ndipfuza guha akazi abantu benshi, rero ntegerezwa kukabandanya”.
Uno mwigeme wo mu gisagara ca Ngozi mu ntara ya Butanyerera mu buraruko bw’Uburundi, akora umwuga utamenyerewe ku bigeme canke abagore muri rusangi, aremeza ko umutunze, mbere umaze no kumuha agashimwe.
“Jewe nari wa muntu ntari bwigere nkorera amafaranga n’ijana, ubu haraciye imyaka ibiri, kubona rero nari ngiye gukorera ibihumbi bine ku musi, nabona ari amafaranga menshi cane kuri jewe. Ni ukuri jewe naravyiyumvira nkumva umengo n’ugusara nosara Aherutse gutahukana ikibanza ca mbere mw’ihiganwa Umwuga Awards ryari yatunganijwe na ENABEL, ishirahamwe ry’Ububirigi rijejwe iterambere ku rwego mpuzamakungu muri Gitugutu (10) uno mwaka.
Ati: “Urya mwanya vyarangoye kuvyakira kuko sinari niteze ko nza kuba uwa mbere, ryabaye iteka kuri jewe no ku mwigeme w’Umurundikazi. Vyaranteye intege pe”.
Umusanze aho akorera imbere y’irembo iwabo muri quartier Kinyami ya mbere ari na ho asanzwe aba, yiyicariye ku gatebe ariko ashona ibirato vyiwe, arisanzuye muri uno mwuga wiwe amazemwo imyaka ibiri n’amezi make, kandi awurangurana akanyamuneza.
