Ku bantu benshi, cane cane abahinga n’abaganga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, ikibazo co kurangiza ku bagore ni amayobera.
Kandi, nk’uko uno muhinga abivuga, guhindura imvugo gato gusa birashobora gufasha kugira ngo ntihabe icuka kibi hagati y’abubakanye.
“Mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, abagabo n’abagore bafise ibintu vyabo basaba ku gatwe kabo, ingorane n’ibibazo vyabo”, ni co gituma ari ngombwa kumenya ingene ukwiye kubikora.
Inkabuzo idakwiye
Ku bwa Galván, muri ino myaka ya vuba, yasanze harabaye akarusho hagati y’abakundanye ku bijanye n’umwanya bamara bariko barakaburana imbere yo gutangura imibonano yabo.
Ati: “Mu myaka mirongo, vyari bimenyerewe ko uruhande rumwe ari rwo rwiryohererwa, ko abagabo ari bo bironderera vuba vuba kuryoherwa, ariko ibi biriko birahinduka”.
Ingorane si umwanya kanaka bamara bariko barakaburana, ahubwo igikenewe cane ni ukuvugana.
Hagati y’abagore/abakobwa bakundana bafise ibitsina bimwe, haraba ukuvugana kwisanzuye muri rusangi, ariko si ko ibintu bimeze hagati y’abakundana bafise ibitsina bitandukanye, nk’uko abahinga babivuga.
“Turiko turabumviriza, vyabonetse ko, baba abagabo, baba abagore, nta na bamwe bategura abakunzi babo uko bikwiye kuko, ubiravye, nta n’umwe atahura ingene uwundi yiyumva muri we”.
Gufata umwanya ukwiye wo gutegurana imbere y’imibonano mpuzabitsina ni kirumara
Igikenewe ni uko umugore asigurira umukunzi wiwe (umugabo canke umugore) igikwiye gukorwa, ingene cokorwa, umurindi cokorwako, n’igihimba c’umubiri cokorerwako.
“Kenshi abagore batubwira ko umugabo atazi gukabura imbezi [clitoris], hanyuma iyo tubabajije nimba babivugana n’abakunzi babo, baraduhakanira kuko banka kubababaza canke kubera bitabagononokeye”.
Hanyuma muri ico gikorwa co gukaburana, ukwikinisha bishobora kugira uruhara rudasanzwe ku bagore benshi, atari gusa imbere y’imibonano mpuzabitsina mu ntumbero yo kwikabura no gutuma igitsina cabo kizana amazimazi (ikintu nkenerwa kugira ngo vyorohe ko umukunzi wiwe amwinjira), ariko kandi n’inyuma yaho.
“Hariho abagore babanza gukabura abakunzi babo (mu kubinjira) hanyuma bagashima gushika ku musozo mu kwikinisha bo nyene. Ubwo buryo bwose buremewe”.
Kubura inambu y’imibonano mpuzabitsina
Igisata c’Ubwongereza kijewe amagara y’abantu National Health Service (NHS) kivuga ko inambu y’imibonano mpuzabitsina ishobora kugabanuka iyo urugero rw’imisemburo ya testosterone y’umugore rugabanutse.
Imisemburo ya testosterone ikorerwa mu dusaho tw’igi ry’umugore no mu kizwi nka glandes surrénales rero iyo ibi bice bidakora neza, bishobora kugira ingaruka mbi ku mugore, cane cane ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina.
Ni co gituma ari nkenerwa ko yokwama yisuzumisha kwa muganga iyo agize ibibazo vy’imisemburo nkaburamubiri.
Iyo ari ikibazo gishingiye kw’igabanuka ry’imisemburo nkaburamubiri nk’izi za testosterone canke estrogen, umuganga arashobora kukwandikira imiti yo kuvura ibibazo bishingiye ku misemburo.