Twabonye impano zinyegeje za Perezida Evariste Ndayishimiye
Ingoma mu Burundi yamye ari ikimenyetso c’ubutegetsi
Ubwo butumwa bugira buti “mu gusozera akaruhuko ka leta, Prezida wa Republika aherekejwe n’umutambukanyi wiwe yagendeye ikibanza ca Gishora kugira ashike mu kibanza cubashwe c’Ingomba z’u Burundi zashizwe mu murage w’isi.”
Iyo nyandiko ibandanya igira iti “nk’umuvuzi w’ingoma abikunda kuva akiri muto, Prezida Ndayishimiye ntiyingingiwe kwifatanya n’abavuzi b’ingoma ba Gishora mu kuvuza umurisho kama w’akataraboneka.”
Ikibanza c’iteka ku ngoma z’u Burundi ca Gishora nico kibitswemo ingoma za Ruciteme na Murimirwa zimaze imyaka 119.
Ico kibanza kandi carakoreshejwe nk’ingoro y’Umwami hakaba ari naho Umwami Mwezi Gisabo yashinze ibirindiro ariko arategura kwivuna igitero c’Abadage.
Mu gusosera akaruhuko ka leta Prezida Ndayishimiye yifatanije n’abatimbo ba Gishora
Ingoma za Gishora kandi ziri muri bimwe biratirwa ijisho mu bukerarugendo mu Burundi.
Muri urwo rwego nyene, Prezida Ndayishimiye yaheruka kugaragara kandi ku mbuga hwaniro, ari kumwe n’umuryango wiwe, agendera ibibanza bitandukanye vy’ubukerarugendo vyo mu Burundi, harimwo n’ibiyaga vyo mu buraruko bw’igihugu.