Blog, News

Prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, kuri uyu wa kane, yirukanye abategetsi batatu,

Ibikorwa vyo kurekura abanyororo bahawe imbabazi na prezida vyatanguye itariki ya 16 z’ukwezi kwa 11 mu 2024. Kugera ino saha, benshi muri abo yamara ntibararekurwa nkuko vyemezwa n’amwe mu mashirahamwe akorera mu Burundi.

Yari yategetse ko ico gikorwa gisozerwa igenekerezo rya 27 z’ukwezi kwa cumi na rimwe ko mu 2024. Yamara, mu mabohero atandukanye arimwo ibohero rikuru rya Mpimba, ibikorwa vyahagaze igenekerezo rya 23 ry’uko kwezi. Muri iryo bohero, hari kurekurwa abanyororo 2.800, ariko harekuwe abagera ku 1.200 nkuko iryo shirahamwe ryabisiguye.

Mu tundi tunenge amashirahamwe yadomyeko urutoke, harimwo abanyororo wasanga bagirizwa icaha kimwe, ariko hakarekurwa umwe abandi bakaguma mu buroko, ndetse n’abanyororo basohokera kw’izina rimwe bagera kuri batatu canke babiri.

Ijwi ry’Amerika twagerageje kurondera umurwi w’igihugu ujejwe ivy’agateka ka zina muntu, CNIDH, kugira twumve ico ugona kuri iki kibazo, ariko ntitwashoboye kuronka abawutwara.