Sandra Muhoza yitabye imbere y’abacamanza mu Rukiko rwa Mukaza rwagati mu murwa Mukuru w’ubucuruzi w’U Burundi, Bujumbura. Yafashijwe n’umwe mu bamwunganira babiri, Maître Éric Ntibandetse.
Iryo shirahamwe risaba ko umupfasoni Muhoza arekurwa buno nyene, ata kirinze gusabwa.
Muhoza, akorera ikinyamakuru La Nova Burundi, yatawe muri yompi mu kwezi kwa kane kw’uno mwaka. Yagirizwa guhungabanya umutekano no kubiba amacakubiri mu bandi, biciye mu butumwa yanditse ku rubuga rwa WhatsApp, ahuriyemwo n’abandi bamenyeshamakuru.
Ubwo butumwa bwagaruka ku mipanga vyavugwa ko iriko yinjizwa mu Burundi.
Mu nyuma y’ayo makuru yatanguye kuvugwa biciye muri imwe mu maradiyo yugawe mu 2015, impande zitandukanye zirimwo n’imigambwe iri mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi zayabeshuje zivuga ko yari ibihuha.
Mw’itangazo ryasohoye, ishirahamwe RSF ryavuze ko Muhoza atari akwiye kuzira ubutumwa yacishije ku rubuga rutari urw’akazi, kuko ata n’inkuru yigeze akora kuri ivyo vy’imipanga.
Urubanza rwa Sandra Muhoza rwaburanishijwe ku wa kabiri, ubu ruri mu mw’iherero. Ingingo y’abariko bararimbura ibisabwa na sentare nkuru y’igihugu ya Mukaza mu Burundi izomenyekana mu kwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.
Imyaka 12 asabirwa y’igipfungo irimwo cumi y’icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, n’ibiri yo kubiba amacakubiri mu bantu.
Icaha co guhungabanya umutekano w’igihugu, Sandra Muhoza yagirizwa, kiri mu vyo mugenzi wiwe Floriane Irangabiye yakorera ikimenyeshamakuru Igicaniro yagirijwe imbere yo guhabwa ikigongwe n’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’umunani kw’uno mwaka.
Irangabiye yarekuwe mu kwezi kw’umunani kw’uno mwaka inyuma y’imyaha yababa ibiri yamaze mu gasho.