Abakozi bo ku kibuga c’indege ca JKIA baragize yegereyegere inyuma yaho Nelson Amenya ashiriye ahabona ido n’ido ry’ayo yavugwa ko agiye kuba amasezerano
Icegeranyo co muri Ndamukiza (4) cakozwe n’urwego rutwara ibibuga vy’indege ku nteguro y’ayo masezerano cerekanye ko ata mugambi wo kubimenyesha abo vyerekeye wari uhari.
”Aho hari mu kwezi kwa kane, mu kwezi kw’indwi igihe nashira ukuri ahabona, nta na kimwe bari bwakore ngo basabe ivyiyumviro vy’abanyagihugu. Wari umwumvikano wo mu mpisho, kandi ico gihe hari hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo bashire umukono ku masezerano,” niko Amenya avuga.
“Maze gushira ahabona uwo mwumvikano niho baca bagerageza gihutihuti kuza gusaba ko abanyagihugu botanga ivyiyumviro – baciye bahamagara abakozi bo ku kibuga c’indege batangura kugira inama n’abo vyerekeye”.
Abategetsi batandukanye n’ibisata vya reta barahakanye ko ata biturire vyarimwo muri uwo mugambi mu nyuma abategetsi baranashira umukono ku wundi mugambi uciye miriyoni nyinshi n’ico kigo nyene Adani Group – uwo nawo wari werekeye kwubaka inzira zitwara umuyagankuba.
Ikigo Adani Group cavuze ko ivvyavugwa na Amenya bitagira ishingiro kandi vyari bigamije kwonona.
Umuvugizi yabwiye itangazamakuru ko “integuro y’ayo masezerano yari yisunze amategeko agenga ugukorana n’abikorera utwabo kandi ko yari agamije gutunganya ikibuga ku rwego mpuzamakungu hanyuma hatezwe imbere bimwe bifadika ubutunzi bwa Kenya mu gutanga ubuzi kandi bwinshi”.
Adani Group ivuga kandi ko ata masezerano yigeze ashirwako umukono kuko “ibiganiro bitashitse ku ntambwe y’umwumvikano ntabanduka”.
Ico kigo kivuga kandi ko integuro y’amasezerano ku muyagankuba yari akurikije amategeko kandi kigahakana civuye inyuma “ibivugwa ko harenzwe amategeko ya Kenya mu bikorwa vyacu n’ivyo twerekana ko twokora.
“Umugambi wose twiyemeza gukora ugengwa no kwubahiriza ibisabwa, ugukorera ku mugaragaro no kwisunga amategeko y’ibihugu dukoreramwo”, nk’uko itangazo rivuga. Nelson Amenya, umunyeshule ‘yakijije’ Kenya
Ariko kuba Amenya yashize ahabona ivy’uwo mwumvikano sivyo vyatumye reta ihindura ingendo.
Kenya yagiye kugira ico ikoze inyuma y’aho abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bitwariye muri sentare Gautam Adani ku ruhara yashobora kuba afise mu kamaramaza ko gutanga ibiturire vy’amafaranga angana na miriyoni 250 z’ama dorari ($250.000.000).
Abaserukira ikigo Adani Group barahakanye ivyo bagirizwa n’abashikirizamanza bo muri Amerika bavuga ko bitagira ”ishingiro”.
Mw’ijambo yashikirije igihugu imbere y’inama nshingamateka mu kwezi guheze, umukuru wa Kenya Willian Ruto yatangaje ko amasezerano na Adani yompi afuswe.
“Dufatiye ku vyemeza ntaharirizwa canke amakuru yo kwizera yerekeye ibiturire, sinzohingitanya gufata ingingo”, niko Ruto yavuze mw’ijambo ryakomewe amashi cane mu nama nshingamateka.
Abanya-Kenya barakeje iyo ngingo Ruto yavuze ko yaturutse ku makuru mashasha yatanzwe n’inzego z’amatohoza hamwe n’ibihugu bifashanya na Kenya.
“Nari mw’ishure igihe iyo ngingo yatangazwa. Sinemera ko ari vyo”, niko Amenya avuga.
“Nibaza ko nkiyumva nakoroye amosozi. Nari nezerewe cane”.
N’ubwo atibona nk’intwari, ubutumwa bwo kumushigikira bwaracanacanyeko buva irya n’ino harimwo no mu Buhindi.
Iminota 40 icigwa giheze, yaciye yandika kuri X amajambo kuva ubu yabaye rurangiranwa: “Adios Adani!!” – ni agasaga Adani.
“Cari igihe gikomeye…Ivyo nakoze vyose amaherezo vyaragize ico bishikako”.
Ariko uko kwiyumva ko yashitse ku ntsinzi kwaje inyuma y’amezi atari make atorohewe kandi hari abamuremera.
Amaze gushira ahabona ibijanye n’uwo mwumvikano ku kibuga c’indege, Amenya yaritwariwe muri sentare yagirizwa kwambika ibara n’uwuserukira ikigo Adani Group muri Kenya, yitwarirwa kandi n’umunyaporitike wo muri Kenya, bituma yijijanya imitima niba yobandanya.
Avuga ati: “Hari abantu bo muri reta baza kundaba, hari n’abambwira ko bompa amafaranga, bambwira ngo: ‘Akira amafaranga hanyuma uhagarike iyo ntambara na reta”.
“Ryari kuba ribaye ikosa rya mbere ribi mu buzima bwanje iyo ndabiheba, nari kuba mpemukiye abanya-Kenya”.
Ariko inyuma yo gufuta ayo masezerano, perezida Ruto n’ubu aracibaza igituma aba-Kenya bagwanya uwo mugambi n’iyindi myinshi ashira imbere. Avuga ko azorondera inzira yo kunagura ikibuga c’indege.
“Narabonye bavuga ngo abahagaritse kunagura ikibuga c’indege cacu ni intwari. Intwari? Wunguka iki iyo uhagaritse iyubakwa ry’ikibuga c’indege mu gihugu cawe?” niko Ruto yabajije mu rubanza yari arimwo mu kwezi kwa Kigarama.
“Ntuzi n’ingene kigiye kwubakwa, kandi abagwanya uwo mugambi nta n’ikirenge barahonyoza ku kibuga c’indege, ni ukugwanya umugambi gusa”.
Amenya, n’ubu agihanganye n’ibirego vyo kwambika ibara, ubu ariko araterereza amafaranga yo kumufasha kuburana, kandi avuga ko kazoza kiwe muri Kenya kari mu mayira abiri.
“Ndamaze guterwa ubwoba n’inzego zizwi z’igendereza kandi hari abantu muri Kenya bangabishije ko ntosubira mu gihugu kuko hari abantu barakajwe cane n’ivyo nakoze”, niko avuga.
Ni ikiguzi kinini ariko Amenya avuga ko yiteguye kwongera gutanga n’umutima mwiza.
Ati: “Ntidukeneye kurindira uwundi muntu azoza kudutabara