
Prezida Ndayishimiye akunda ingoma kuva akiri muto
Hari mu kwa mbere 2022, abakoresha imbuga hwaniro benshi batamariwe babonye umukuru w’u Burundi, Evariste Ndayishimiye, mu mwambaro w’abatimbo, atera imvyino yongera avuza umurisho.

Ku mafoto na za video vyahanahanywe ku mbuga hwaniro , Prezida Ndayishimiye aboneka ari ku nkiranya
Ku mafoto na za video vyahanahanywe ku mbuga hwaniro , Prezida Ndayishimiye aboneka ari ku nkiranya (ingoma ija imbere hagati) yambaye umwambaro ukwiye w’abatimbo (abakarazi mu kinyarwanda).
Yambaye kandi n’ibisharizo bijana birimwo n’ikirezi, afise n’imirisho hanyuma agatera abandi batimbo nabo bakitabira.
Umurisho uraheza ugatangura, Prezida Ndayishimiye, biboneka ko akanyamuneza kari kose, agatamba atarika agacishamwo akanasimba.
Umunsi udasanzwe ku batimbo ba Gishora
Ku rubuga twitter rw’ikirimba c’umukuru w’igihugu, Ntare Rushatsi House, basiguye yuko Prezida Ndayishimiye yariko “arasozera akaruhuko ka leta”.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.