
Igihe ninjira ubwa mbere mu gisagara ca Goma kiri mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, vyarangoye kumenya ko ninjiye mu karere k’intambara.
Abanyagihugu baba i Goma buzuye mu mabarabara ku birometero bikeyi uvuye ku rubibe rw’Urwanda – abantu baja ku kazi, abacuruzi bagurisha ibintu ku mabarabara, abashoferi b’ama-taxi na bo barwanira abakiriya.
Ariko vyantwaye iminota mikeyi gusa kugira ngo mbone ko hari “reta” nshasha mu gisagara.
Igihe nashika kuri bariyeri iri hafi y’ikirindiro c’igipolisi cahoze ari ica reta ya Congo, abarwanyi ba M23 barahagaritse imodoka yanje.
Mu ndwi iheze, niho M23 yafata Goma, igisagara kirimwo abanyagihugu bababa imiriyoni zibiri, inyuma y’igitero cagiye ku muvuduko munini muri ako karere k’ubuseruko bwa Congo.
Abantu nibura 700 muri ico gisagara barapfuye, hafi ibihumbi bitatu barakomereka mu ntambara hagati y’inyeshamba n’ingabo za reta n’abazifasha, nk’uko bivugwa na ONU be na reta ya Congo.
M23, umuhari ugizwe ahanini n’Abatutsi, ivuga ko irwanira uburenganzira bw’inkehwa, mu gihe reta ya Congo ivuga ko izi nyeshamba zishigikiwe n’Urwanda ziriko zirondera kugenzura ubutunzi bwinshi bw’amabuye y’agaciro bwo muri ako karere k’ubuseruko.
Kuri iyi bariyeri, inyeshamba za M23 zararavye mu modoka yanje, zibaza umushoferi wanje ibibazo bikeyi, hanyuma ziratureka turinjira muri iki gisagara casambutse.

Imodoka ya Gisirikare yarashwe na M23 MURI GOMA.
Ibintu ntivyoroshe i Goma
Izi nyeshamba nta na kimwe zinona – wamengo ni ho zamye kuva kera.
Naciye mfata inzira nja muri kimwe mu bitaro bikeyi bivura abakomeretse, aho ninjiye nkakirwa n’amarira y’ububabare.
Nahuye na Nathaniel Cirho, umuganga yari yicaye ku gitanda c’ibitaro, aho yobaye ariko aravura ari we ariko aravurwa, ukuboko kw’ibubamfu kubohereye mw’ipansuma.
Igisasu caguye ku nzu iri iruhande y’iyiwe, Cirho n’ababanyi biwe bagemwa n’ibirombora.
Avuga yicuza ati: “Nakomeretse ku kuboko. Umutama w’imyaka 65 yakomeretse ku nda. Amaze kubagwa, ntiyarokotse”.
Ndenganye ivyumba bitari bike vy’abarwayi, nabonye uwundi mutakamazi yari aryamye ku gitanda ciwe mu bitaro, aboheyeko akaringoti kamufasha guhema.
Yagemwe n’urusasu ku kuboko igihe amasasu yariko aca irya n’ino mu gace yabamwo.
“Nagiye numva inguvu zimperana mu kuboko, niho namenya ko nari narashwe”, ni ko yagerageza kuvuga vyanka.
Yamaze imisi atararonka ubufasha kugira ngo akire iki gikomere c’urusasu. Yambwiye ko yahavuye aherekezwa n’abarwanyi ba M23 gushika ku bitaro.

Inyeshamba za M23 zizunguruka mu gisagara ataco zinona
Uno mugore yasavye ko bamujana mu bitaro vy’abikorera ku giti cabo, aho ubu ariko aravurirwa, kuko atariko araronka ubuvuzi buhagije muri ivyo bitaro, aho abaganga bari barengewe.
Ariko no muri ibi bindi, abaganga bari barengewe kubera abarwayi baguma bisukira ku bwinshi.
Umuganga umwe atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ku mvo z’umutekano wiwe, yavuze ati: “Benshi twarabavuye kuko twari dufise integuro y’ubutabazi bwihuta”.
Yongeyeko ati: “Ku wa Mungu, igihe intambara zatangura, twakiriye abarwayi 315 kandi twarabavuye”.
Ariko ubu, ibi bitaro bifise abarwayi barenga 700 bafise ibikomere bitandukanye, nk’uko uno muganga yambwiye.
Yavuze ko yakira abarwayi “bakomerekejwe n’amasasu mu mutwe, abandi mu gikiriza, mu nda, mu biganza no mu maguru”.

Ibikoresho vya gisirikare vyandagaye hasi hanze y’ikigo ca MONUSCO
Imodoka ya gisirikare yatuririwe mu micungararo ya Goma mu gihe c’intambara
Mu gihe akarere k’ubuseruko bwa RD Congo kageramiwe n’imvururu za politike, ibiro vy’igisata ca ONU kijewe agateka ka zina muntu bigabisha ko impande zihanganye ziriko zikoresha ihohotera rishingiye ku gitsina nk’ikirwanisho.
Uno muganga muri ibi bitaro vy’abigenga aremeza ibi bivugwa na ONU, aho avuga ko gushika ubu ikigo ciwe kimaze kwakira abantu nka 10 bafashwe ku nguvu n’abakorewe ihohotera rishingiye ku gitsina.
Hanze y’ibitaro no mu gisagara hagati, hari uruvangatirane rw’ituze n’ukwiyubara.
Hari abantu bariko baca iruhande y’imiduga ine yatobaguwe n’amasasu, bihweza ingene ibintu vyagenze igihe bari banyegeye.
Nubwo amasasu n’ibiturika muri Goma vyahagaze, ibintu ntibirasubira nk’uko vyari bimeze. Amaduka makeyi aruguruye ku mabarabara amwe amwe, ariko si ko bimeze ku yandi. Amabanki akomakomeye na yo nyene aracugaye.
Kumbure bamwebamwe baguma biteze ko ikintu ico ari co cose gishobora gushika mu gihe umutekano ubandanya uhungabana mu ntara ya Kivu ya Ruguru muri rusangi.
Sammy Matabishi afise iduka agira ati: “Abantu baratinya… Nanje ndacari n’ubwoba kuko abateye iyi ntambara baracari kumwe natwe kandi ntituzi ibiriko biraba.
“Ariko ikibi ni uko ata bantu baza kudushorera, benshi bagiye mu Rwanda, i Bukavu [igisagara ca Congo], muri Kenya no muri Uganda”.
Avuga kandi ko abacuruzi binjiza ibidandazwa biva mu bihugu bibanyi badashobora gushikana ibicuruzwa mu gisagara.

Imodoka ya Red Cross yarashwe
Abanyagihugu benshi twavuganye bavuga ko bemera ubutegetsi bwa M23 muri ico gisagara.
Kandi nk’umuntu wo hanze narashobora kubona ko inyeshamba zipfuza kwemeza ko ari zo zifise ububasha.
Ni zo zigenzura ibiro vya buramatari wa gisirikare w’intara ya Kivu ya Ruguru zishe igihe zariko zisatira Goma.
Aba barwanyi kandi baraboneka mu bibanza nyamukuru vyo mu gisagara, mu gihe abandi bariko bazunguruka mu mabarabara bari mu modoka za gisirikare, bafise n’ibirwanisho.
Igihe cose namaze i Goma, nta musirikare n’umwe wa reta ya Congo nigeze mbona.
Ico gusa nabonye ni amamodoka yatawe yanditseko “FARDC”, impfunyapfuyo y’igisirikare ca Congo.
Hafi y’ikigo c’ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro (Monusco) – ingabo zijejwe gukingira abasivire ibitero vy’inyeshamba – imyambaro ya gisirikare, ibikono vy’amasasu, n’amasasu nyene vyari bisanzagaye mw’ibarabara.
Richard Ali aba hafi y’aho, yambwiye ati: “Igihe M23 yashika hano, bazungurutse ingabo zacu.
“Benshi bakuye imyambaro yabo ya gisirikare, bata ibirwanisho vyabo, bambara impuzu za gisivire. Abandi barahunga”.

Ububiko bw’ishami rya ONU rijejwe imfungurwa PAM/WFP i Goma bwaranyazwe urukombamazi muri ico gihe c’intambara
Mu gihe M23 yishimira ko yigaruriye akarere gakomeye, reta ya Congo ibandanya ihakana ko inyeshamba zigaruriye Goma yose.
Abategetsi bagiriza M23 ko yigaruriye ubutaka bwabo mu buryo butemewe n’amategeko ifashwe mu mugongo n’Urwanda, kandi bariyemeje ko bazotegerezwa kwisubiza uturere batakaje.
Nubwo Urwanda rwagumye ruhakana ko rushigikiye izi nyeshamba, ubu rwahinduye imvugo mu kwerekana ko rufata ingingo zo kwikingira, aho abavugizi bavuga ko intambara zibera hafi y’urubibe rwarwo ari ikibazo gikomeye ku mutekano warwo.
Ubu bivugwa ko izi nyeshamba ziriko zitera zija mu bumanuko zisatira Bukavu, umugwa mukuru w’intara ya Kivu y’Epfo, kandi zirahiga ko zizotegerezwa gushika ku mugwa mukuru Kinshasa.
Gushika ubu, ifatwa rya Goma ni yo ntambwe nyamukuru zimaze gushikako. Uko ibintu bimeze muri iki gisagara birerekana ingene ubuzima bushobora kumera ku banyagihugu benshi ba Congo ari nka hamwe M23 yokwigarurira utundi turere tw’igihugu.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.